Abajejwe umutekano batatu n’abanyagihugu indwi bafashwe n’igiporisi c’Uburundi

0

Umurwi w’abantu 10 bagirizwa ubukozi bw’ikibi niwo uheruka gufatwa n’igiporisi ku munsi wa kane w’indwi iheze, bose bakaba bagirizwa ubusuma butandukanye mu gisagara ca Bujumbura.

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uwu wa kabiri abo bafashwe, bose bakaba bapfungiwe mu biro bikuru vy’iperereza biri mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Petero NKURIKIYE, mu kiganiro yahaye abamenyashamakuru kuri uwu wa kabiri, uwo mugwi ugizwe n’abajejwe umutekano batatu, hamwe n’abanyagihugu basanzwe indwi.

Petero NKURIKIYE atera akamo abanyagihugu kwamana amakenga kuri uwo wese yiyitirira ishirahamwe canke urwego kanaka, mu ntumbero yo gukora ububisha.

Abo bafashwe bakaba bagiye gushikiririzwa ubutungane, nk’uko vyashikirijwe na Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano.