Ivyavuzwe Mu Kiganiro C’Abavugizi b’Inzego Zitandukanye Ku wa 25/10/2017.

0

Ejo ku musi wa gatatu itariki 25 Gitugutu 2017, abavugizi b’inzego zitadukanye baratanze ikiganiro c’ibibazo n’inyishu mu gisagara ca Bujumbura, icabereye mu nzu y’amakoraniro yataziriwe Nyabagere Conference iri muri Zone Kamenge.

Ico kiganiro c’abo bavugizi cabaye mu ntumbero yo kuvuga ku bijanye n’uko Uburundi bwikuye muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI, ingingo yafashwe n’Uburundi, maze ikaba yitezwe kuja mu ngiro gushika ku musi w’ejo ku wa 27 Gitugutu 2107. Umutwe nyamukuru w’ico kiganiro wari : « Ibinyoma 10 Bivugwa Ku Burundi ».

Muri ivyo binyoma hagarutsweko amsezerano y’amahoro yabereye i Arusha. Anicet Mahoro ajejwe ivvyo kumenyesha amakuru mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu amenyesha ko amasezerano y’amahoro y’i Arusha yakoreshejwe mu binyoma ku Burundi mu kuvuga ko « atubahirijwe ». « Barabesha…kuko ni ku bw’amasezerano y’i Arusha bituma icegera ca Mbere c’umukuru w’igihugu ahari muri kino gihe ».

Evelyne Maniragaba, umuhanuzi muri ivyo biro vy’icegera ca Mbere c’umukuru w’igihugu, yaragarutse kw’ijambo « ihonyabwoko » ku bwiwe ryakoreshejwe bwa kinyoma ku Burundi. « Iryo jambo ryarakoreshejwe na ADC-Ikibiri imbere y’umwaka wa 2015….abakoze imyiyerekano nabo bararikoresheje ».

Umuvugizi w’igipolisi nawe, Pierre Nkurikiye, nawe yaragarutse ku kindi kinyoma ciswe ngo « imva rusangi », amenyesha ko naco ari ikinyoma cavuzwe kera ku Burundi. Yaciye amenyesha ati : « Nimushimire cane abasambuye radiyo y’abanyagihugu RPA…kuko yari ifise intumbero yo kubiba ibinyoma bivuga nabi Leta y’Uburundi ».

Muri abo bari baremesheje ico kiganiro harimwo umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa leta y’Uburundi Phillipe Nzobonariba, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude karerwa n’abandi.