Igihugu ca Tanzaniya Kiragirizwa Gufata no kurungika Abakuru b’Umuhari Urwanya Leta y’Uburundi

0

Abategetsi bane bo mu muhari urwana wiyise FPB( Forces Populaires Burundais) guhera muri Myandagaro 2017 barafatiwe mugihugu ca Tanzaniya mu burengero bw’ico gihugu muri district ya Ngara ku musi wa gatandatu itariki 21 gitugutu 2017 maze bakaba baciye barungikwa mu Burundi ku musi wa mungu.

Abavuga ko baharanira agateka ka zina muntu ntibatanzwe no kwagiriza igihugu ca Tanzaniya kuba carahagaritse abo bantu, bakamenyesha ko abo bafashwe bararirwe gushikirwa n’amabi akomeye kuruta, bongera bamenyesha ko ivyo bituma Tanzaniya itaboneka neza mu gihe yariko ikora ibishoboye vyose mu biganiro bihuza Abarundi.

Nk’uko ikinyamakuru co mu Bwongereza Daily Mail kibimenyesha,Uburongozi bwa FPB bwamenyesheje ejo ku musi wa mbere gutya : « Abategesti bane ba FPB, harimwo Umukuru n’icegera aribo Edouard Nshimirimana na Jeremie ntiranyibagira bahagarikiwe i Ngara muri Tanzaniya ku wa 21 Gitugutu 2017 n’abajejwe umutekano ba Tanzaniya n’Uburundi…kuwa 22 Gitugutu 2017, baciye barungikwa ubutarariye i Burundi, aho ubuzima bwabo buri mu kaga ».

Ariko rero ibinyamakuru bimwe bimwe bikaba vyarahakanye ko abo bane bafahwe batarungitswe mu Burundi. Ariko ubuyobozi bwa FPB bubandanya bumenyesha ko ubwo ari uburyo bwa Leta y’Uburundi bwo kutemanga ko barungitswe mu Burundi kugira batotezwe.

Umutegetsi umwe wa FPB atashatase kwivuga izina yabwiye ikinyamakuru Daily Mail ko abo bantu « bari bagiye kuri mission mu gihugu ca Tanzaniya hanyuma bagwa mu mutego…ifatwa ryabo ryabaye igihano gikomeye kuri FPB... ». Iryo soko ry’amakuru rikamenyeshsa kandi ko ‘abategetsi b’Uburundi bashaka kunyegeza ko abo bafashwe bataciye barungikwa buno nyene mu Burundi, kugira abanywanyi b’uwo murwi babashe gutotezwa’.