Albert Bwenge, umupasitori wo kw’ishengero « Église Libre Méthodiste » i Gihanga mu ntara ya Bubanza, hamwe na Abel Baranyikwa, umwe mu bakirisu basengera kuri iryo shengero banyurujwe n’abantu bitwaje inkoho, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro.
Abanyuruje abo bantu babasanze muri zone ya Buringa, komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza, mu gihe bari bavuye mu bikorwa vy’ishengero ryabo.
Abanyagihugu babonye inyuruzwa ry’uwo muvugaburumwa bamenyesha ko abantu baje bava mw’ishamba cimeza rya Rukoko, bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa Kalachnikov, bambaye impuzu z’igisirikare, aribo batwaye abo bantu mu kibanza kitaramenyekana.
Abo bitwaje inkoho ntibarashe, abajejwe umutekano bakaba bashitse muri ico kibanza abo bantu bamaze kunyuruzwa.
Recent Comments