Iperereza ry’Uburundi ryahawe icegera c’umukuru waryo

0

Yozefu Ndimunkwenge, intwazangabo mu giporisi c’Uburundi, niwe yemejwe n’inama nkenguzamateka mu mabanga y’icegera c’uwutwara igendereza ry’Uburundi.

Iryo zina ryemejwe n’abakenguzamateka bose, iyo ntwazangabo yo mu giporisi c’Uburundi, Yozefu Ndimunkwenge akaba ariwe agiye kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza ry’Uburundi.

Uwo yatowe ni umututsi yavukiye mu ntara ya Mwaro, muri komine Kayokwe mu mwaka w’1962. Yize muri Kaminuza ya gisirikare (ISCAM), akaba afise urupapuro rw’umutsindo mu vyigwa bita Sciences fondamentales. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba ariwe yari yarungitse iryo zina mu nama nkenguzamateka.

Burundi's President Pierre Nkurunziza holds a news conference in Brussels October 23, 2009. Nkurunziza is on a three-day visit to Belgium.  REUTERS/Yves Herman (BELGIUM POLITICS)
Burundi’s President Pierre Nkurunziza holds a news conference in Brussels October 23, 2009. Nkurunziza is on a three-day visit to Belgium. REUTERS/Yves Herman (BELGIUM POLITICS)

Intwazangabo Yozefu Ndimunkwenge yamaze imyaka cumi mu gisirikare c’Uburundi, mu nyuma yinjira mu giporisi c’Uburundi.