Inyuma ya ONU, na Amerika yagirije Urwanda ubwicanyi bubera mu Burundi

0

Reta ya Amerika, biciye mu bategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, bashikirije ko bafise ivyemeza bikwiye, vyerekana ko Reta y’Urwanda ifise uruhara mu bwicanyi bumaze iminsi bukorerwa mu Burundi.

Ivyo vyagiriji vya Amerika bishizwe ahabona inyuma y’aho hasohokeye inyandiko zo mw’ibanga z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zagiriza Urwanda kwinjiza no kwigisha mu bagwanyi impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda, mu ntumbero yo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza. Ayo makuru yatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko izo nyigisho zitangirwa mw’ikambi iri mw’ishamba mu gihugu c’Urwanda.

mura

Amerika yamenyesheje ko abategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu bafise inkuru ko impunzi z’abarundi, harimwo n’abana, baronswa imyimenyerezo mu makambi ya gisirikare c’Urwanda, kandi ko bamaze gutana mu mitwe na Reta y’Uburundi hakoreshejwe inkoho.

Kuri ivyo vyagirizwa Urwanda, umukuru w’igihugu Paul Kagame yaheruka kumenyesha ko igihugu ciwe ata ruhara gifise mu mutekano muke uri mu Burundi kuko ata nyungu igihugu c’Urwanda cobikuramwo.
Ku bijanye n’amakuru avugwa ko igihugu c’Urwanda gitanga imyimenyerezo ya gisirikare ku barundi b’impunzi bari mu Rwanda, umukuru w’igihugu Paul KAGAME yamenyesheje ko ivyo ari ivyagiriji vyinyegeje inyuma y’inyungu za poritike.
Kubwa Paul KAGAME, abarundi ubwabo nibo bategerezwa gutorera inyishu ikibazo ca poritike yabo kiri mu gihugu, kuko ata wundi muntu azotorera inyishu ikibazo c’Uburundi.