Natacha Ngendabanka yakiriwe Abakinyi ba Vitalo’o fc

0

Umuririmvyi w’umurundikazi Natacha Ngendabanka yakiriye abakinyi b’umugwi wa Vitalo fc kuri Club Du Lac Tanganyika imbere yuko bafata urugendo berekeza mu gihugu ca LEsotho aho bagiye gukina n’umugwi wa liorri mu rukino ruzoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 14/2/2015.
natacha
Umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru canyu ubmnews akaba yari yahishikiye kugira ashobore kubaza uyo muririmvyikazi igituma yabakiriwe ngaho muri Hotel Club Du lac Tanganyika,Natacha akaba yatubwiye ati:Icatumye ndabakira hano muri club du lac nuko baje kubinsaba kandi vitalo n’umugwi mwiza kandi ufise abakinyi bakina neza,umaze guhesha iteka igihugu ntaco buza ko ndabakira ngaha hama tugasangira hamwe..
nata
Tworangiza tubamenyesha ko Natacha Ngendabanka ariwe muririmvyi w’umurundikazi asigaye akora neza bigashimwa n’abantu hano mu gihugu cacu,akaba ndetse aherutse gusohora amasanamu y’indirimbo Unaniongopea n’umugwi Yamoto Band

yarabe habo: