‘Intwaro ya Ndayishimiye bitera biba nabi kuruta’, niko amashirahamwe amwe avuga

0

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike na cane cane ayari hanze y’igihugu amenyesha ko intwaro ya Ndayishimiye Evariste ibintu bitera biba nabi kuruta uko vyari vyitezwe.

Ayo mashirahamwe yasohoye icegeranyo maze agishira ahabona amu ntumbero yo guhimiriza ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu guhaguruka kugira ngo Abarundi ntibabandanye bamererwa nabi kuruta.

Ayo mashiraghamwe akaba avuga ko ibijanye n’agateka ka zina muntu bibandanya vyunyuka mu Burundi muri aya mezi arenga gato atatu ya Ndayishimiye Evariste.

Ayo mashirahamwe aravauga nk’akarorero abahasize ubuzima, abahohotewe bose muri iki kiringo gito musi ya ‘reta mvyeyi na reta nkozi’.

Ayo mashirahamwe mu cegeranyo yashize ahabona akavuga ko abantu bashika ku 278 bishwe uri iki kiringo c’amezi atatu gusa Ndayishimiye amaze ku butegetsi(harimwo abakenyezi 26 n’abana bakiri bato 26 nyene), 22 baranyurujwe baraburirwa irengero, 44 barahohoterwa ku mubiri bikomeye, hamwe n’abantu 302 bafashwe ataco bagirizwa.

Abahohoterwa cane bakaba ari abanywanyi b’umugambwe wa Agathon Rwasa, CNL, abahoze mu gisirikare ca kera(Ex-fab) hamwe n’urwaruka rukiri ruto rwo mu bwoko bw’abatutsi, nk’uko ayo mashirahamwe avuga.

Ayo mashirahamwe atunga urutoki ko ayo mabi akorwa n’urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, arizo mbonerakure.

Reta ya Ndayishimiye akaba ataco iravuga kuri ivyo vyagiriji vy’amashirahamwe avuga ku Burundi mu bijanye n’agateka aka zina muntu.