Abashikiranganji b’imigenderanire b’Uburundi n’Urwanda bahuriye mu gihugu c’Urwanda

0

Albert Shingiro na Vincent Biruta bakaba bahuye kur’uyu wa kabiri muri district ya Bugesera. Ibibazo bijanye n’imigenderanire mibi iri hagati yivyo bihugu vyompi akaba arivyo biza kwigwa. Urwanda rukaba rwizeye ko ivyo biganiro biza kuvamwo ikintu cingirakamaro kuko ari Uburundi bwasavye ko uwo mubonano woba.

Mukamenya ko igihugu c’Urwanda kiherutse gufata abagwanyi b’umuhari Red Tabara bari bahungiye mur’ico gihugu bavuye mu ntara ya Kayanza iri i Burundi. Ishirahamwe ry’ibihugu vya CIGL akaba ariryo ryafashe ico kibazo mu minwe ha nico bazokoza abo bagwanyi.

Mwomenya ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda yagiye gutostekara mu mwaka wa 2015 aho haba imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo cagatatu c’umukuru w’igihugu. Abarundi batari bake baka baciye bahungira mu gihugu c’Urwanda. Urwanda narwo rukaba rwagiriza Uburundi gushigikira ababurwanya, Uburundi nabwo buti ahubwo n’Urwanda rushigikiye abarwanya Uburundi.