Ikinyobwa ca Bock casubiye kuboneka mu mabare ya Bujumbura

0

Ico kinyobwa kikaba cari kimaze imyaka irenga ine kitaboneka mu bunwero bwo m’Uburundi. Ico kinyobwa kikaba cakundwa cane n’abanywanyi baco naho kiborera mu mwanya muto. Abanywanyi baco bakavuga ko ari inzoga ihiye ifise akanovera kadasanzwe.

Ishirahamwe BRARUDI rihingura iyo nzoga rikaba ryari ryanakoze bock iri mwicupa rinini ariko ico kinywobwa caciye gituma abantu baboregwa ningoga inkokora zigacika bakameneka umutwe mbere imirimo barangura bakabanza bakayihagarika. Ico kinyobwa kikaba camaze umwanya urume rumara. Ariko benshi bagumye bakunda bock iri mw’icupa ntoyi banwa bigerera, bakayinwa harya bagire batahe.

Benshi bakavuga ko BRARUDI yari yasubirije ikinyobwa bock nikindi kinyobwa citwa Viva bashize mw’icupa risa n’irya bock. Ku mbuga ngurukana bumenyi umunezero ukaba wari wose kur’uyu w’Imana kubanwanyi bariko barihereza kandi ikinyobwa ca bock. Benshi bakibaza ko ico kinyobwa coba gishaka kujanwa mu gihugu ca Congo kibanyi kugira ishirahamwe BRARUDI rironke amahera yagaiciro.

Iryo shirahamwe BRARUDI rikaba ritarashikiriza igituma ico kinyobwa cari carabuze.