Intumwa za Benjamin MKAPA zatanguye ibiganiro i Bujumbura

0

Intumwa z’umuhuza mu matati y’Abarundi Benjamin William MKAPA ziri mu rugendo mu gisagara ca Bujumbura kuva kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 17 Myandagaro 2018. Amakuru atangwa n’ibiro vy’umuhuza MKAPA avuga ko ikizanye izo ntumwa ari uguhura n’abanyeporitike baserukira imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi. Ayo makuru ariko ntatomora ivyo izo ntumwa za MKAPA zizovugana n’abo banyeporitike.

N’aho ata mumenyeshamakuru yemerewe kwegera ihoteri Sun Safari y’umurwizatunga Siyoni ahariko habera iyo mibonano. amakuru ikinyamakuru UBM News caronse avuga ko mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, izo ntumwa zabonanye n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Ivyo twashoboye kwibonera n’uko muri uwo mubonano hakurikira abaserukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD nabo nyene bashitse kuri iyo Hoteri nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango. Bitegekanijwe ko inyuma y’uwo mubonano n’abaserukira umugambwe CNDD FDD, izo ntumwa ziza kwakirwa n’umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA.

Ikinyamakuru UBM News kiraza kirabashikiriza ku mwanya ku mwanya ibiriko birakorwa, ku rutonde rw’iyo mibonano.

Tubibutse ko izo ntumwa z’umuhuza zije mu Burundi mu gihe Reta y’Uburundi ivuga ko itazokwemera gusubira kwitaba ibiganiro bibera hanze y’Uburundi. Kubwa Terence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ibiganiro vy’i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya vyarasozerewe, igisigaye ni ukuganirira mu Burundi ku bibazo vyoba bigiteye impari abanyeporitike, kugira amatora yo mu mwaka w’2020 agende neza.