Intumwa ya Barack OBAMA yahaye umubonano abatavuga rumwe na Petero NKURUNZIZA

0

Intumwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello yabonanye na bamwe mu bayobozi b’urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi, mu biganiro vyabereye mu gisagara ca Bruxelles, mu gihugu c’Ububirigi. Thomas Perriello yabwiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura ko Amerika ibandanya gukora ibishoboka vyose kugira ibiganiro bihuza Abarundi bitangure mu maguru masha.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Sylvestre NTIBANTUNGANYA, umwe mu bari muri uwo mubonano wa Thomas Perriello, intumwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini yamenyesheje ko bimwe muvyo baganiriye muri uwo mubonano ari aho ikibazo c’Uburundi kigeze.

peri

Sylvestre NTIBANTUNGANYA avuga ko ikibazo c’Uburundi kiraje ishinga Abarundi ubwabo, yaba abari ku butegetsi canke abatavuga rumwe nabwo, agashima ko igihugu ca Reta Reta zunze ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu vyose yaba ivyo muri Afrika canke i Buraya, ko bibandanya kwerekana ko bishaka gufasha ingene Uburundi bwotera intambwe mu kurondera inyishu y’ibibazo biri mu gihugu, kugira ikibazo ntigitandukire akarere kose,

Mu biganiro abaserukiye abandi muri CNARED bagiranye na Thomas Perriello, intumwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Sylvestre NTIBANTUNGANYA yahoze ari umukuru w’igihugu avuga ko bamenyesheje ko bashigikiye ibiganiro vyamye bisabwa, kandi ko babirondera mu nzira y’amahoro.

Abaserukira abandi muri CNARED babwiye Thomas Perriello ko abariko barafasha bose bobandanya bahimiriza kugira Reta y’Uburundi itahure ko ibiganiro atabo bikumiriye arivyo vyonyene bishobora gutuma Uburundi buronka inyishu nziza, kandi ishimisha bose.