Friday, October 7, 2022
HomeNewsBururi : Abanyagihugu n’igiporisi ntibavuga rumwe ku masasu yumvikanye

Bururi : Abanyagihugu n’igiporisi ntibavuga rumwe ku masasu yumvikanye

Amasasu menshi yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, ku musozi Mubira, zone Nyagasasa, komine Mugamba, mu ntara ya Bururi. Abanyagihugu baba ahumvikaniye ayo masasu bavuga ko abajejwe umutekano barasanye n’abarwanyi bitwaje ibirwanisho, ariko mu giporisi bakabihakana.

Ayo masasu yumvikanye umwanya utari muto, mu giporisi gikorera mu ntara ya Bururi bagahakana ko ari igitero cakozwe ku kirindiro c’abaporisi, ahubwo bakavuga ko abajejwe umutekano bikanze ko batewe, baca barasa amasasu menshi.

masa

Mu makuru y’umutekano nyene, abajejwe igendereza mu ntara ya Cibitoke bataye muri yompi umusirikare azwi kw ‘izina rya Jean Marie Vianney, akora ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge, akaba yafatiwe muri komine Mabayi, intara ya Cibitoke.

Uwo musirikare yoba yagirizwa ko yagira ahunge igihugu aje mu Rwanda, aciye aho mu ntara ya Cibitoke.
Umuryango wiwe ukaba usaba ko yorekurwa, kuko yari yagiye kuramukanya muri iyo ntara ya Cibitoke.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....