Ingingo yafatiwe Uburundi ishobora gukomeza abarwanya Reta

0

Reta y’Uburundi imenyesha ko yari yakoze ibishoboka vyose kugira ishire mu ngiro ivyo ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryari ryasavye, ariko amaherezo ingingo yafashwe akaba ari iyo guhagarika imfashanyo zose zahabwa Uburundi. Muri Reta y’Uburundi imenyesha ko iyo ngingo yafashwe y’uguhagarika imfashanyo ishobora kwereka imirwi irwanya Reta ko ari nk’agashimwe ihawe, igahava isubira gukomeza uguhungabanya umutekano w’Uburundi.

Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu gufata iyo ngingo ritahaye agaciro intambwe zishimishije zigezweko mu biganiro bihuza Abarundi biriko biraba, hamwe n’ingingo zimaze iminsi zifatwa mu bijanye n’agateka ka zina muntu, ukugirira ikigongwe abanyororo barenga ibihumbi bibiri, n’uguhagarika imitahe yarondeza abantu bamwe bamwe bakurikiranwa n’ubutungane, hamwe n’iyugururwa ry’amaradiyo amwe amwe mu yigenga.

tont

Ibiganiro bihuza Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya kw’iyubahirizwa ry’ingingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou vyasozerewe kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 14 Ntwarante 2016, Ubumwe bwa Buraya bukaba bwamenyesheje ko ivyo Reta y’Uburundi yiyemeje ko igiye gukora bidakwiye mu gutora umuti w’umwitwarariko w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ari naco gituma hafashwe ingingo y’uguhagarika burundu imfashanyo zose zahora zihabwa Uburundi, hamwe n’uguhagarika burundu imfashanyo z’ugushigikira ikigega ca Reta zahora zihabwa Uburundi.

Federica Mogherini, intumwa idasanzwe y’ubumwe bwa Buraya ajejwe ibibazo vy’imigenderanire, poritike hamwe n’umutekano, yamenyesheje ko ibibera mu Burundi bitera amakenga ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, akavuga ko iyo ngingo yafashwe kugira isubirwemwo ari uko Reta y’Uburundi izofata ingingo ziboneka z’ugutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.