Abacamanza 17 hamwe n’abafasha kwandika imanza bahagaritswe mu kazi

0

Abacamanza hamwe n’abafasha kwandika imanza baharurwa bose hamwe muri 17 barahagaritswe mu kazi, n’imishahara yabo irahagarikwa. Bose bagirizwa amakosa atandukanye agizwe n’ukutubahiriza amategeko y’akazi.

mago

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Mukakaro 2016, Nestor Kayobera umuyobozi mu bushikiranganji bw’ubutungane, yamenyesheje ko bamwe muri abo bacamanza iyo bahawe imanza baca, berekana aho bahengamiye kubw’imigambwe bakomokamwo, abandi nabo bagasaba ibiturire ababa babituye.

Mu bushikiranganji bw’ubutungane baragabisha n’abandi bacamanza bagirizwa ko bataye ubuntu, muri ubwo bushikiranganji bakamenyesha ko n’ibindi bihano bizofatwa.