UBM News ads

Buyoya avuga ko ugushaka kumuhagarika ari ‘ukwihorana gushingiye ku moko’.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Buyoya, nubu ntarava kwizima mu kubandanya yiyamiriza umutahe mpuzamakungu wamusohorewe kugira ahagarikwe abazwe ku bijanye n’igandagurwa rya Ndadaye Melchior.

Petero Buyoya yabwiye Iradiyo y’abongereza BBC ko ‘umutahe wo ku muhagarika wasohowe na Leta y’Ubiurundi ari uwufise ‘intumbero za politike kugira hanyegezwe ingorane zihanze igihugu mwa kino gihe’.

Buyoya hamwe n’abandi 16 bakaba bagirizwa igandagurwa rya Melchior Ndadaye mu mwaka wa 1993,igandagurwa ryakurikiwe n’intambara yabanyagihugu yahitanye Abarundi batari bake abandi barata izabo.

Buyoya kandi aramenyesha ko abahashorewe imitahe yo guhagarikwa ari abava mu bwoko bw’abatutsi , ku bw’ivyo ko ‘bigaragara ko ari ukwihorahorana gushingiye ku moko’, niko yamenyesheje Radio BBC.

Petero Buyoya mu majambo amaze gushikiriza akaba yamenyesheje ko adatinya kurungikwa mu Burundi(Extradition), ariko ko abiha amahirwe make cane kugira ngo ashobore kurungikwa mu Burundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments