Impunzi Z’I Kamamyola Zigiye kwandikwa Mu Bandi Ko Ari Impunzi.

0


Inyuma y’aho habaye ubwicanyi bugahitana abarundi bahiga ubuhungiro muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo mu gace ka kamamyola mu Buseruko bw’ico gihugu, bisa nuko ikibazo cabo catorewe umuti mu kubandika ku rutonde rw’impunzi, kubera ko izo mpunzi zitari zashimye kuja mu makambi nk’abandi kubera impamvu z’amadini.

Nkuko RFI yabimemyesheje, ico kibazo c’izo mpunzi zirondera ubuhungiro kiriko kiratorerwa umuti nkuko abategetsi bo muri Sud Kivu babimenyesha. Gushika n’ubu, impunzi z’I Kamamyola zari zaranse kwandikwa mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR ko ari impunzi kubera ivyo bemera, maze benshi muri bo bakaba bari abanywanyi ba Zebiya.

Buramatari w’Intara ya Sud Kivu Gabriel Kalonda akaba yamenyesheje ko izo mpunzi zigiye kwandikwa hama zikarungikwa mu nkambi y’impunzi iri mu karere ka Fizi, hama mu Bumanuko bw’igihugu. Izo mpunzi z’abarundi nyinshi ari abanywanyi ba Zebiya bari bahunze ugutotezwa mu Burundi kubera ukwemera kwabo kwari gutandukanye cane n’ukwabandi, cane cane ukw’idini rya Gatolika.

Bitadukanye n’uko ibinyamakuru bimwe bimwe vyo mu Burundi bimaze kumenyesha ko abo bishwe bari mu mirwi irwana ya FOREBU na RED Tabara, nkuko na leta ya Kongo yari yabimenyesheje, abategetsi ba Sud Kivu bamenyesha ko amatohoza ariko arakorwa kuri ubwo bwicanyi bwahitanye abarundi 39 kandi abasirikare 4 b’Igihugu ca Kongo bakaba bariko barabazwa ku vyerekeye ubwo bwicanyi.