Alain Aimé Nyamitwe: ‘Birabereye Ko Horyohorwa Uko ONU Ikora’.

0

Mu nama Nkuru ya ONU (United Nations General Assembly, UNGA) mu ndwi iheze, uwari yaserukiye leta y’Uburundi, ari we Alain Aimé Nymitwe, yaramenyesheje ibitari bike harimwo nuko Leta y’Uburundi ishigikiye ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryosubirwamwo gutunganywa bushasha (Réforme).

Mw’ijambo ryiwe mu Nama Nkuru ya ONU, umushikiramganji w’imigendeanire n’ayandi makungu w’Uburundi, Alain Aimé Nyamitwe, yaravuze ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU,ubu rimaze imyaka 72 rivutse, ryamugajwe n’ukudakora neza. “ Birabereye ko hokwihwezwa ingingo zose zishoboka kugira ngo inzego zimwe zimwe za ONU nk’Inama y’Umutekano kw’isi bikaryohorwa”, niko Nyamitwe yamenyesheje.

Nyamitwe kandi yaramenyesheje ko Umurwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu kw’isi ukoreshwa n’abarondera inyungu zabo. Yamenyesheje ko kuva mu misi ya vuba ko icitwa ngo ni agateka ka zina muntu cabaye co ‘gikoresho c’ibihugu bimaze gutera imbere mu gucinyiza ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere’.

Alain Aimé Nyamitwe akaba yagiriza ibihugu bimwe bimwe atavuze amazina kwiha ingendo yo kwiha ingingo biciye ku Murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu kw’isi (UNHRC) kugira ‘bihungabanye umutekano w’ibihugu biba bigomberwa guhungabanywa’.

Akaba yamenyesheje ko icegeranyo c’abahinga ba ONU giheruka gusohoka ku Burundi ko habaye ubwicanyi butagira izina mu Burundi ko ari irementanya rikorwa n’abakoreshwa ku bw’inyungu zabo.

Nyamitwe kandi yaragarutse ku kibazo c’ubwicanyi bwahitanye abarundi 39 mu gace ka Kamamyola mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo. Akaba yasavye ishirahamwe Mpuzamkungu ONU kwitaho ico kibazo c’abo barundi b’inzirakarengane bahitanywe n’ubwo bwicanyi.