Imirima Y’Umukuru W’Igihugu Pierre Nkurunziza Yaraturiwe Mu Ntara Ya Ngozi.

0

Abantu batatu barahagaritswe n’igipolisi ku musozi Gatwaro wa komine Kiremba mu ntara ya Ngozi. Ukwo guhagarikwa kuje gukurikira iturirwa ry’imirima y’ibiterwa vya Pierre Nkurunziza yari kuri uyo musozi Gatwaro. Mu bahagaritswe harimwo imbonerakure zibiri zo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Nkuko amakuru ava aho ku musozi gatwaro abimenyesha, abantu b’inkozi z ‘ibibi zarinjiye muri iyo mirima y’ibiterwa vy’amavoka ya Pierre Nkurunziza kugira bayiturire bakoresheje ibitoro mu masaha y’isaha indwi z’ijoro ku musi wa mungu uheze.

Umunyagihugu umwe avuga ati :«Twumvise urwamo rw’abanyagihugu kuri uyu musozi wa Gatewaro. Igihe twasohoka hariko hasha imirima y’ibiterwa y’Umukuru w’igihugu ».

Abanyagihugu b’i gatwaro baje ari benshi kugira bazimye uyo muriro, ariko imbonerakure zikaba zitaborohereje muri ico gikorwa co kuzimya uyo muriro,nkuko ayo makuru ava i gatwaro abimenyesha ; maze igipolisi kikaba caciye gifata abantu batatu kubw’amatohoza.

Abanyagihugu bo muri komine Kiremba bakaba bafise ubwoba ku mirima yabo y’ibiterwa izohava iturirwa, mu gihe biboneka ko izo nkozi z’ibibi zubahutse guturira ibiterwa vy’amavoka vy’umukuru w’igihugu. « Abo bagizi ba nabi bubahutse guturira ibiterwa vy’umukuru w’igihugu, bazohava baturira niyacu » ;niko abo banyagihugu biganiye ikinyamakuru kimwe.