Umuvugizi w’Igipolisi c’Uburundi Aragiriza Abacamanza Kudahana Inkozi Z’Ikibi.

0

Mu gihe ubukozi b’ibibi bwakozwe n’inkozi z’ibibi buba bwamaze kwibonekeza, abacamanza barareka guhana izo nkozi z’ibibi maze ugasanga zamaze kurekurwa hadaciye n’akanya.Umuvugizi wa leta wewe akavuga ko atawofatira hamwe abacamanza bose rimwe ko bagira uruhara mw’ukwo kudahana inkozi z’ibibi.

Pierre Nkurikiye avuga ati: « Inkozi y’ikibi ni umwansi w’abanyagihugu, w’amahoro, mbere akaba n’umwamsi wa bose ».

Akarorero kibonekeza ni aka Osman Ndayishimiye, batazira Shabani, « umusuma karuhariwe biciye mu bubeshi » uwafashwe mu bihe Umuririmvyi ava mu gihugu ca Kongo Koffi Olomide. Shabani akaba yafashwe n’igiploisi mu ntara ya kirundo afise amafaranga imilioyoni 150 ahungiye mu gihugu c’Urwanfda.

Inyuma y’aho azaniwe mu gisagara ca Bujumbura, igipolisi kiraba ivy’ubutungane kiramaze kwakira ibireggo bishika kuri 8 birega ubuhumvyi bwa Shabani, hariko n’ibindi birego bibandanya biza.

Pierre Nkurikiye: “Inkozi y’ikibi ni umwansi w’abanyagihugu, w’amahoro, mbere akaba n’umwamsi wa bose”

« Igipolisi kirakora uko gishoboye kwose mu guhagarika no mu kwirinda ibibi bishobora gushika. Ariko igipolisi gisanga ataco vyashitseko.
Ubutungane dukorana mu guhasha izo nkozi z’ibibi buca burekura izo nkozi z’ibibi
»
, niko Pierre Nkurikiye yamenyesheje kuwa 13 Mukakaro 2017 mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Aravuga ko ‘Shabani yarekuwe naho yari yagirijwe amakosha menshi yashikanwe mu butungane’.

Iyo izo nkozi z’ibibi zirekuwe biratuma bishira mu kaga abapolisi bari bazihagaritse, mbere bigashira mu kaga uwo wese yagerageje gukorana n’igipolosi kugira izo nkozi z’ibibi zihagarikwe. Nkurikiye avuga : « strong>Izo nkozi z ‘ibibi zimaze kurekurwa, zica zisubira gukora ya mabi nyene. Abapolisi bigeze kubahagarika hamwe nabakoranye nabo baca baja mu kaga ko kwihora horana ».

Abantu barekura inkozi z’ibibi n’ibihemu, maze bakaba bariko bashingira intigi ‘abansi b’igihugu’maze bigaca bituma ubukozi bw’ikibi bwaka indaro mu Burundi. « Inkozi z’ibibi zirekurwa n’abari bajejwe gukingira abanyagihugu hamwe n’igihugu », niko Pierre Nkurikiye avuga.