Ivyo nivyavuzwe n’umwe mubariko barategura guhamba umu generali wo mu gihugu ca Irani, Qassem Soleimania, yishwe kubutaka bwa Irak arashwe n’indege za Leta zunze Ubumwe bwa America. Uwo yabivuze akaba yavuga ko abenegihugu ba Iran bashika imiliyoni 80 ko rero umwe wese atanze idolari rimwe boca bariha abo bokwica Président Donald Trump bagiriza kuba yaratanze itegeko ryo kurasa iyo ntwazangabo nkuru yo muri Irani.
Président Donald Trump nawe ntiyatevye kwishura abo banyaIrani ko uwuzohirahira akacica umunyamerika canke agasambura inyubako canke ibikoresho vyobo azoca ategeka ibitero ku bibanza bikomakomeye vya Irani. Igihugu ca Irak naco nyene carasavye ko abasirikare ba Amerika bova murico gihugu biciye mu namanshingamateka yabo.
Ariko Président Donald Trump akaba yaravyiyamirije akavuga ko Irak rifitiye ideni rinini Leta zunze Ubumwe bwa Amerika kuburyo bwakoresheje mu gihe hariko harakomborwa uwahoze arongoye Irak, Sadam Hussein, yagirizwa gushigikira iterabwoba ku banyamerika n’abanyaburaya na Israeli.
Uwo mu generali Qassem Soleimania akaba yari guhambwa kur’uyu wakabari ariko abatwara igihugu ca Irani bakaba babisibije kukubera umusunikano mwinshi wahabaye abantu 40 bakaba bapfuye n’abashika 200 barakomereka.
Recent Comments