UBM News ads

Ibintu ntibigiye kwohora mu mukino wa basketball wo m’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’inkino n’imicokama, Pelate Niyonkuru, yemeje kur’uyu wa mbere inzego nshasha zitwara ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball, izo nazo zikaba zitwarwa n’uwitwa Sef Sabushimike akaba yasubiriye Augustin Kararuza yahora arongoye iryo shirahamwe.

Inama ya bose ikaba yabaye kwitariki 28 kigarama 2019 aho amashirahamwe yo mu ntara arenga ibice 80 kw’ijana yemeza ko Augustin Kararuza akombowe mur’ayo mabanga. Akaba yagirizwa amakosa avuga ko adashoboye kurongora iryo shirahamwe ry’umupira w’amaboko.

Ariko uwutwara Comité National Olympique, umupfasoni Lydia Nsekera, akaba yaragabishije abo baraye bakomboye umukuru w’iryo shirahamwe ko bakoze amakosa yo kutubahiriza ibiringo vy’umukuru w’ishirahamwe kuko ikiringo ciwe cari kurangira mu kwezi kwagatatu. Lydia Nsekera wewe akabona ko ivyo bagiriza Augustin Kararuza bidafise ifatiro kuri we.

Lydia Nsekera agasaba ayo mashirahamwe ya basketball kurindira ukwezi kwagatatu kugira amatora akorwe. Lydia Nsekera aragabisha abo bakomboye umukuru w’ishirahamwe rya basketball ko amashirahamwe mpuzamakungu y’inkino ashobora gufatira ibihano ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball kuko ryarenze amategeko yo kubahiriza ibiringo vy’amabakuru b’amashirahamwe y’inkino.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments