Imbonerakure zagirijwe ko ziriko zitegura ihonyabwoko

0

Umugambwe MSD wagize icushikirije inyuma y’ivyaraye bibaye kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 19/11/2016, aho uwo mugabwe wasozera ibikorwa vy’indwi bita ko yahariwe umugwanyi.

Muri MSD bavuga ko ivyo vyerekanye neza itanguzwa ku mugaragaro ry’ibikorwa vy’imyimenyerezo ya gisirikare ku mbonerakure ziri mu ntara zose, kikaba n’ikimenyetso c’uko bariko barategura ihonyabwoko kurabo bose batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza n’akagwi kiwe.

Epithace NSHIMIRIMANA, umuvugizi wa MSD amenyesha ko ibikorwa nk’ivyo ataho bitandukaniye n’ivyabaye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho vyakorwa n’interahamwe, bategura gukora ihonyabwoko ry’abatutsi.

bne

Uwo muvugizi yagize ati : “Ivyo bikorwa rero umugambwe CNDD FDD uriko urakora ni icemezo c’ukuri c’uko bariko barategura gusubira kunumya, no kumara abarundi bose badashigikiye aya mabi yose ariko akorwa n’iyi ntwaro ya Nkurunziza iteye amarushwa abarundi.
Twashaka gusubira kwibutsa imbonerakure ko nabo ari abana b’Uburundi, aribo kazoza k’igihugu, bahakanurire, bareke kubandanya babeshwa, bakoreshwa muri ivyo bikorwa bigayitse, bibuke ko bitebe bitebuke bazokurikiranwa umwe wese kugatwe kiwe, bafatire akarorero ku vyabaye mu bihugu bitandukanye nk’uwitwa Charles Bregude wo muri Cote d’ivoire n’abandi bavundiye mu munyororo. Ahubwo bahindukire bagwanire agateka kabo mu gukuraho iyo ntwaro mbi.”

Mu mugambwe MSD basavye abarundi kudafata minenerwe ivyo vyaraye bibaye, bashire ubwoba, bave hasi bagire umunoni, barandurane n’imizi ubu butegetsi bugisibije, kuko bibonekako ibara rishobora kugwa umwanya uwariwo wose, bicungere, birarire kuko vyaraye bigaragaye ko inzego zijejwe umutekano ataco zikimaze kuko vyose biriko biba barorera.

MSD yasavye kandi amakungu gukurikiranira hafi ibiriko bibera mu Burundi, na cane cane itegurwa ry’ihonyabwoko mu gukinga ko ivyabaye mu gihugu kibanyi c’Urwanda bisubira kuba.