Hotel club du lac tanganyika yabaye iya mbere muri Afrika ihawe urupapuro rw’iteka

0

Hotel Club du Lac Tanganyika yabaye entreprise yambere mu Burundi,muri kano karere ndetse no muri Afrika kuronswa urupapuro rw’iteka rw’inziranenge rwatanzwe nishirahamwe SQS ryo mugihugu cubuswisi. Urwo rupapuro rw’iteka ruzotuma i Hotel Club du Lac Tanganyika yemerwa hose kw’isi bivanye nibikorwa vyubuziranenge yama iriko irashikiriza kubaje bayigana. Igihambaye nuko urwo rupapuro ruri muri ndinganizo nshasha yo mumwaka wa 2015 ISO9001:2015 hamwe na ISO14001:2015 ikazomara ikiringo cimyaka itatu. Mwomenya kandi Hotel Club du Lac Tanganyika imaze gutera intambwe ikomeye mukwakira ingenzi,kubungabunga amatungo yazo hamwe nomukubitaho muvyo bakeneye kandi mububangutsi. Iyo Hoteli ikaba imaze nogutera intambwe ikomeye mukubungabunga inkengera y’ikiyaga ca Tanganyika.
club-du-lac-tanganyika
Ivyo navyo bikazotuma Iyo Hoteli yongereza kurushirizaho gukora ibikorwa vyiteka. Twobamenyesha Yuko urwo rupapuro rwiteka rwashikirijwe nuwaje aserukira ishirahamwe SQS Raymond TEGUZA. Uwaje aserukira ubushikiranganji bwamahinguriro ubudandaji ningenzi yashimiye caaaane aranakeza i Hoteli Club du Lac Tanganyika ukuntu ikora itiziganya mugukora ibikorwa vyinziranenge. Akanavuga ko iryo niteka rikomeye kugihugu cacu c’Uburundi kuko bigiye gutuma ingenzi zihurumbira caaane igihugu caaacu. Ikindi nuko ubushikiranganji yaje aserukira buzokora ibishoboka vyoose kugira abari mugisata camahoteri boroherezwe muvyobakora. Ivyo birori bikaba kandi vyashoboye kwitabirwa na Hon Karenga Ramadhan arongoye urwego rwigihugu rujejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora.
hotelHOTE
Afredo Frojjo ariwe Umuyobozi mukuru wa Hotel Club du Lac Tanganyika yahawe iyindi certificat igira kabiri numuyobozi mukuru Wigisata cingenzi bivanye nukuntu akora ibikorwa vyiteka.