Inyuma y’iminsi mike umukuru w’igihugu c’Uburundi yandikiye umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni asanzwe ariwe atwara kuri uwu mwanya umuryango wa Afrika y’ubuseruko, amusaba ko hotunganwa inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu, yokwiga gusa ikibazo c’umubano mubi hagati y’Uburundi n’Urwanda, Yoweri Museveni yishuye iryo kete, mu mvugo itomoye kandi atakurya umunwa. Petero NKURUNZIZA, mw’ikete ryiwe, yari yavuze ko atarota yicarana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bwiwe. Museveni ati : “Nawe ntiwafashe igihugu ukoresheje ibirwanisho, kandi ubutegetsi bwawe bwavuye mu biganiro vy’i Arusha vyaguhuje n’abo mutavuga rumwe.”
Ku kibazo c’abo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amaze gushikiriza ko adashobora kwicarana nabo, kuko abagiriza ko bashatse gutembagaza ubutegetsi bwiwe, umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni, umukuru w’igihugu ca Uganda yamumenyesheje ko yokwibuka aho amasezerano y’amahoro y’i Arusha yavuye mu mwaka w’2000, akaba kandi ayo masezerano yabonetse habanje guseseka amaraso menshi.
Umukuru w’igihugu Museveni yibukije mugenzi we NKURUNZIZA ko umuhari yari arongoye ariwo CNDD utigeze ufata igihugu ukoresheje ibirwanisho. Kuri ivyo ubutegetsi bwa CNDD FDD buvuga ko butokwicarana n’abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi, Museveni yagarutse kuri Reta y’umukuru w’igihugu Major Petero BUYOYA yari igizwe ahanini n’abo mu bwoko bumwe bw’Abatutsi, ariko ikaba yaremeye iraganira n’abarwanya Reta bose ata n’umwe asigaye inyuma. Kubwa Museveni, kugira indyane za poritike ziri mu Burundi zitorerwe inyishu, hoshirwa imbere intwaro rusangi hamwe n’umutekano kuri bose.
Kuvyo Petero NKURUNZIZA yashikirije ko akarere gashaka kwivanga mw’itunganwa ry’ivy’igihugu c’Uburundi, Museveni yishura ko ngaho uwo atwara Uburundi aba yirengagije ko amahoro yari mu Burundi gushika mu mwaka w’2015 yavuye mu biganiro vyahagarariwe n’akarere.
Mw’ikete yamwandikiye, umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yabajije igituma umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME nawe atarigera yicarana mu biganiro n’interahamwe zagirizwa ihinyabwoko mu Rwanda. Mu nyishu yamuhaye, Museveni ati : “Ivyo ntibisa na gato. Interahamwe zakoze ihonyabwoko ry’Abatutsi mu Rwanda, ariko mu Burundi ni abashatse gutembagaza gusa ubutegetsi.”
Muri iryo kete ririmwo imvugo y’ukutarya umunwa, umukuru w’igihugu Museveni yaciriye umugani Petero NKURUNZIZA ko gukoresha inguvu hamwe n’ubwicanyi mu kurondera impinduka bisa n’ugukoresha imbugita. Yagize ati : “Ukoresheje imbugita ucika umuyangayanga abaga inka, aho kuba umuganga abaga abarwayi mu bitaro kugira abakize ingwara barwaye.”

Yoweri Kaguta Museveni yarangije asaba umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko atosiba mu nama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko itegekanijwe kw’igenekerezo rya 27 Kigarama 2018, kuko muri iyo nama ariho hazokwigirwa ibibazo vyose, harimwo n’ico c’umubano mubi hagati y’Uburundi n’Urwanda.
Ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ntiburagira ico bushikirije kuri iryo kete ridasanzwe ryishuwe uwutwara Uburundi, ariko abakurikiranira hafi ivya poritike y’Uburundi bakabona ko umukuru w’igihugu Yoweri Museveni ashobora kuja nawe ku rutonde rw’abansi b’Uburundi, mbere bikanashoboka ko Uburundi bushobora kwikura mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko.





Recent Comments