Gihanga : Urugo rw’imbonerakure rwateweko Gerenade

0

Abantu babiri bo mu runani rw’Abugenga Amizero y’Abarundi nibo bafashwe n’igiporisi c’Uburundi, inyuma ya Gerenade yatewe kuri uwu wa gatatu ku rugo rw’umusore w’imbonerakure ya CNDD FDD ruri muri komine Gihanga, intara ya Bubanza.

Iyo gerenade yatewe n’abantu bataramenyekana, ariko akaba ataco yononye, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.

Amakuru ava aho i Gihanga avuga ko iyo mbonerakuwe yatewe yari yarumvise amakuru avuga ko hari umugambi w’ukuyigandagura, ariko yo ibifata nk’ibihuha.

Iyo mbonerakure ikaba ivugwa mu bahohotera abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD.

Imiryango y’abanywanyi babiri bafashwe bo mu runani Amizero y’Abarundi ruyobowe na RWASA Agathon isaba ko abo bafashwe botorenganwa. Basaba ko amatohoza adahengamye yokorwa, uwagirwa n’icaha abihanirwe.