Ibomborabombora muri CNARED!

0

Muri CNARED ibintu vyakomeye aho abarongoye urwo runani basa n’abashamiranye cane bagirizanya gukoresha nabi ubutunzi bw’urwo runani rw’abatavuga rumwe na leta y’i Bujumbura.

Mu nzandiko zasohowe n’uwuhagariye urwo runani rwa CNARED, Jean Minani, abategetsi babiri bo muri urwo runani aribo Frederic Bamvuginyumvira na Jeremie Minani birukanywe muri CNARED.

Aho harimwo ibintu vyategerezwa gutunganywa muri CNARED bitarinze kuja hanze nko kwagirizwa kunyunruza Ordinateurs zibiriz’urwo Runani.

Uwundi abangamiwe cane nawe ashobora kwirukanwa ni umuvugizi w’urwo runani Pancrace Cimpaye nawe atunzwe igitsure n’ubuyobozi bwa CNARED.

Ubu muri urwo runani hakaba hari ukutumvikana gukomeye aho impande zibiri zishaka gutwara urwo runani.Uruhande rumwe rufise abashigikiye Jean Minani, urundi narwo rukaba rushigikiye ko Alexis Sinduhije aja ku Burongozi bwa CNARED.

Bikaba vyitezwe ko haboneka umurongozxi mushasha wa CNARED vuba cane.Yoba azobandanya ari Jean Minani canke Alexis Sinduhije?