Leta y’Uburundi ‘iriteguriye kuja mu biganiro vya nyuma’ n’abatavuga rumwe nayo.

0

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburundi, Ezechiel Nibigira, yamenyesheje ku musi wa gatandatu ko ‘leta y’Uburundi yiteguriye kuja mu biganiro vya nuyuma vyo kurangiza icuka kibi mu Burundi hamwe n’abatavuga rumwe na leta’ bizobera mu Buganda mu kwezi kuza kwa Nyakanga 2018.

Naho Ezechiel Nibigira yamenyesheje ukwo, hari itangazo ryari ryahaciye rimenyesha ko ‘ata bindi biganiro n’abatavuga rumwe na leta bizosubira kuba’.

Turiteguriye kuja mu biganiro vya nyuma…Uburundi bwibaza ko ibi bizoba ari vyo biganiro vya nyuma bibaye”, niko Nibigira yamenyesheje. Akaba abivuze inyuma y’aho ONU ‘inebaguriye utwigoro tudashemeye kandi twikwega twa Leta y’Uburundi two gukora ibiganiro bishikana ku mwumvikano imbere y’amatora ya 2020’.

Ubuhuza mu biganiro bihuza abarundi buriko bukora ibishoboka kugira butegure incuro ya gatanu y’ibiganiro kumbure vyoza bitorera umuti intureka zisa niziri mu Burundi hagati ya leta n’abatavuga rumwe niyo leta nyene.

Ariko rero, leta y’i Bujumbura yarayanse ko itazokwicarana n’abo yita “ba gaterabwoba” canke “abashatse gutemebagaza ubutegetsi” mu biganiro.None Benjamin Mkapa na Yoweli Kaguta Museveni ubwo hari icobagiye kuzoshikako vuba muri ivyo biganiro?