Ibiziga bitanu vyatowe bireremba mu kiyaga Tanganyika

0

Hari ibiziga bitanu vyatowe bireremba mu kiyaga Tanganyika mu bice vya komine Rumonge, kuva mu ntango z’uku kwezi kwa gatandatu.

Muri ivyo biziga vyatowe, harimwo n’abarovyi basomye nturi nk’uko vyemezwa na Buramatari w’intara ya Rumonge, Juvenal BIGIRIMANA, akavuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira uburyo abo bantu bapfuyemwo bumenyekane.

cada

Juvenal BIGIRIMANA avuga ko hari ahantu uruzi rwa Murembwe rwuzuye ruca rusesa amazi, hasigara ikidengeri c’amazi kinini cane, abanyagihugu bagaca baja kurondera amafi muri ico kidengeri. Abo banyagihugu bakaba baca bakomorwa n’inzoka zisanzwe ziriyo nyinshi, abandi nabo bakibira muri ico kidengeri kubera urwondo rwinshi ruhari, hamwe n’amazi menshi ari ku ruhande rw’ibarabara.

yanga

Nk’uko bivugwa na Juvenal BIGIRIMANA, Buramatari w’intara ya Rumonge, hari n’uwundi munyagihugu yatowe ikiziga aho bita ku rutumo, iruhande y’ikiyaga Tanganyika, abajejwe amatohoza bakaba bariko barakora kugira bamenye icishe uwo muntu.

Buramatari wa Rumonge amenyesha abanyagihugu ko mu ntumbero y’ukubakingira impanuka bogira, bibujijwe kuja kuroba muri ico kidengeri. Atera akamo abanya Rumonge bose kwubahiriza iyo ngingo, akabagabisha ko uwufatirwayo azohanwa bikomeye, kuko azoba yarenze amategeko.