Menya hano ishirahamwe rya mbere ‘ BMBC ‘ ryubakira neza abantu amazu mu Burundi ” Raba hano

0

Mbega mwoba muzi ko ishirahamwe BMBC ari irya mbere muvyo gukorana neza n’abantu bubaka mu Burundi? Nimba ukeneye kubaka inzu nziza cane mu Burundi, Ntutangwe no kuvugana n’abayobozi bishirahamwe rya BMBC.

Raba hano ikiganiro kidasanzwe Ikinyamakuru canyu UBM News cagiranye n’Umuyobozi w’ishirahamwe BMBC( Building And Multi-Business Company) rikorera mu Burundi.

Umumenyeshamakuru :umuntu yumvise ishirahamwe BMBC yoca atahura iki ?

Umuyobozi wa BMBC: Ishirahamwe BMBC ni ishirahamwe rikorera mu Gisata co kwubaka amazu y’abantu bipfuza kwubaka mu Burundi. Ishirahamwe BMBC ryatanguye gukora mu mwaka wa 2012 ,ico gihe rikaba ryari rifise ibiro muri Komine Kamenge mu gisagara ca Bujumbura.Ubu Ishirahamwe BMBC rikorera muri Quartier Asiatique iruhande ya Societe Sanili.Nkuko vyari biri muntango ishirahamwe BMBC Rikorera canecane muvyo kwubaka, iruhande y’ ibindi bikorwa bijanye no kwamamaza amaparcelles, amazu, imiduga n’ ibindi.

Raba akarorero kivyo dukora:

Turubaka n’amazu en étages

Turacapa ama plans y’amazu tukongera tukayubaka

Ivyo kwamamaza amazu,amaparcelles,imiduga n’ ibindi twabigiyemwo kuko benshi mubo dukorera bari mumahanga bagiye babidusaba kugira baze baroroherwa no kuronka amatongo igihe bashaka kwubaka mu Burundi.

Kurya rero hari amasociete usanga ari rurangiranwa muvyo kwuba amashure, ibiraro,kugazura imyonga,… ishirahamwe BMBC ryoryo ni rurangiranwa muvyo kwubaka amazu yo kubamwo(residences),amabureaux ,Amahoteri, …
Kubera imyaka tubikoreyemwo turatanga impanuro ngirakamaro ku muntu afise projet yo kwubaka mu Burundi, yaba afise amahera menshi canke make tukamwereka uko yobigenza kugira ashike kuco yipfuza.

Umumenyeshamakuru: Mbega imirimo yanyu muyikorera hehe?

Umuyobozi wa BMBC : Dukorera muri QUARTIER Asiatique, Avenue Songa ,Immeuble Makelele House Hagufi ya Societé Sanili.

Aho dukorera, Immeuble Makelele House, muri quartier Asiatique.

Umumenyeshamakuru: None ko twumvise mumaze igihe mukorera muri iki gisata c’ubwubatsi ,mubona giteye imbere ngaha mugihugu cacu ?

Umuyobozi wa BMBC : Vy’ukuri mu gihugu cacu noshobora kuvuga ko ubwubatsi budateye imbere mfatiye kuvyo mbona kuko ndabibona bwa mufundi. Ubwa mbere bwobwo abarundi turazi ko atari benshi bashobora kuronka amahera yo kwubaka amazu meza bivuye kuko usanga ibikoresho vyo kwubaka bishika mu Burundi vyamaze kuzimba kubera tudashika kwibahari.Nukuvuga mu Burundi uraronka amahera menshi ariko ntiwubake ikintu kinini canke ciza kuko dukoresha ibikoresho bizimvye.

Iyindi ngorane ni uko abarundi benshi badafatana uburemere ibijanye no kwubaka,ugasanga nabantu bize canke batembereye bamaze kubona ivyiza bariko barubaka ibintu bidateguye kuko bibaza ko mu Burundi ata bahinga bahari. Nico gituma usanga umuntu agomba kwubaka inzu nini agaca apfa uwo ayishinze ngo ni mwenewabo, yisunze gusa ko ari uwo mu muryango, akibagira ko agomba akoreshe amamiliyoni, ko rero yari akwiye kubizeza umuhinga w’umwizigirwa kugira ngo yiyemeze neza ko amahera yiwe azokora ico yayateguriye. Usanga rero Abarundi benshi, cane cane ababa mu mahanga baracanyemwo nimiryango kubera babashinze ibintu bisaba ubwizigirwa n’ubuhinga kandi atavyo bafise.

Umumenyeshamakuru: None ishirahamwe BMBC rimaze gukora iki kugira ivyo bintu bihinduke ?

Umuyobozi wa BMBC : Ubwa mbere turamaze imyaka itanu turiko turakebura abantu dukoresheje facebook kuri profile yitwa BMBC BURUNDI GUCAPURA KWUBAKA. Nico catumye muri iyi myaka itanu dukorana nabantu benshi muri projet zabo zo kwubaka kuko basanze tubikora neza.Turanezerwa n’ukuntu Abarundi baba mu mahanga bitabiriye uwo mugambi mu kutwitura. Nk’akarorero, mu kwubaka ibintu vy’abantu bari kure, twarashizeho ubuhinga butuma babikurikirana kuva tugitangura kwubaka, kubicapura gushika inzu ihere kwubakwa. Ku cerekeye Ubwizigirwa no gukingira amafaranga ya nyene kwubaka biciye mu nzira zitandyukanye, turagirana amasezerano atuma uwuduhaye akazi abona ko akingiwe. Ayo masezerano aba ahambaye kubera turi ishirahamwe ryemewe n’amategeko, nyeneyo yoshobora no kugira ivyo adusavye hamwe twogira ico tumwononenera. Ni kuvuga ko muri make ko tuzwi imbere y’amategeko ko ako kazi ariko dukora.

Ikindi kintu dukora kugira twereke nyene kuduha akazi ko atazoba yihenze, turashobora kumuha contacts zabantu bamwe bamwe tumaze gukorera bari mu mahanga nka Zambia, Norvege, Somalia, Hollande, canke Abarundi bakorera mu nzego z’Amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU bakorera mu mahanga.

Ubwa kabiri naho twarakoresheje muri iyi myaka itanu ubuhinga bwa none kugira abaduhaye akazi bagume baronka amakuru kumwanya kumwanya.Turafise abahinga bategura amasanamu n’amavideo vyo kurungikira abo tuba turiko turakorera aho boba bari hose .

Ubwa gatatu naho twazanye projet nshasha yo kuyagira abarundi ukuntu bokwubaka neza duciye ku muhora wacu wa internet www.bmbc.bi aho tuzoza turashirako amavideo yukuntu dukora ,ibiganiro ,n’ intahe aho abo tumaze kwubakira canke kugirira ivyirwa bazohora bashinga intahe.

Umumenyeshamakuru: Kiretse kwubaka amazu y’Abantu basanzwe, nta zindi nzego mukorana?

Umuyobozi wa BMBC : Turakorana n’inzego za leta, nkubu urabona ko turiko dutegura ivyigwa bijanye n’inzu y’amanama imwe yaha mu Burundi.Turamaze kandi gukorana n’amashirahamwe manini manini y’aha mu Burundi nka BRARUDI, BBS nayandi.

Umumenyeshamakuru: None uwubakeneye yobaronka gute?

Umuyobozi wa BMBC : Nkuko nabivuze, turaronkeka mu buryo bwose haba kuri telephone canke kuri internet.

Telephone : +257 79 500 227, +257 61 977 967
Facebook: Building and Multi-Business Company(bmbc)

WhatsaApp: +257 79 500 227

Email: bmbc.gapoint@ymail.com

Umumenyeshamakuru: Hari akajambo ka nyuma wobwira abanywanyi bacu?

Umuyobozi wa BMBC : Aho umuntu wese yoba ari yipfuza kwubaka mu Burundi , Naze tumufashe gutegura umugambi wiwe,mbere tunamufashe kwubaka muburyo bwiza kandi butavuna, bunakingira nyene umugambi.

Raba Video hano y’Umuyobozi wa BMBC aho avuga ivyo bakora: