Ibihugu vy’Uburundi na Tanzania ‘biriko bikwega amaguru mw’iterambere rya EAC’.

0

Mu gihe ibihugu bibiri mu bigize EAC arivyo Tanzania n’Uburundi vyari vyahawe isango yo gushika ku wa 18 Myandagaro 2018 bikaba vyasinye ku masezerano y’ibihugu bigize EAC ku vyerekeye ugutoza amatagisi( East African Community Multilateral Double Taxation Agreement), iyo tariki yarenganye ivyo bihugu bidasinye kuri ayo masezerano.

Ibihugu vya Uganda, Rwanda na Kenya bikaba bimaze gusinya kuri ayo masezerano.Abajejwe ivy’ubudandaji muri EAC bakaba bamenyesha ko ‘uguteba kwa Tanzania n’Uburundi gusinya kuri ayo masezerano ari ugutuma ibijanye n’ubudandaji n’ivy’imitahe bisubira inyuma muri EAC’.

Peter Mathuki, ahagararariye Ubudandaji muri EAC, yamenyesheje The East African ko ‘ugukuraho inzitizi mu bijanye n’amatagisi muri EAC ari intambwe ntahara yotumma ibijanye n’isoko rusangi ya EAC itera imbere mu bijanye no kwunguruza ibidandazwa n’akazi’.

Peter Mathuki yarangije amenyesha ko ‘ibihugu vya EAC atari ibihugu biri mu mahiganwa ahubwo ko bikwiye guukorera hamwe’.