Abarwanyi b’Abarundi batanu bishwe

0

Abantu bagera ku munani nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye mu ngwano zahuje abarwanyi b’abaroberi hamwe n’abasirikare ba Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ku munsi wa gatandatu, mu karere ka Uvira.

Abajejwe umutekano i Uvira bavuga ko abo bapfuye ari abanyagihugu batatu, hamwe n’abarwanyi batanu bivugwa ko boba ari Abarundi bo mu muhari RED TABARA bivugwa ko woba ufasha mu ngwano z’abarwanyi ba Maï-Maï.

Abanyagihugu bo mu karere ka Uvira basaba ko umutekano wabo wokwongerezwa, kuko ata ndwi ihera muri ako karere hatabaye ingwano, rimwe na rimwe amazu yabo akaba ahora aturirwa, n’ivyo batunze bikibwa.