Friday, October 7, 2022
HomeNewsIbiganiro vyasozerewe umuhuza yumvirije abitavye bose

Ibiganiro vyasozerewe umuhuza yumvirije abitavye bose

Ibiganiro bihuza Abarundi vyasozerewe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 24 Rusama 2016, i Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya. Mw’itangazo umuhuza yasohoye kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ko agiye kuvugana n’abo vyega bose, kugira ibiganiro nyezina bitumweko mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu.

benj

Ivyo biganiro vyasozerewe n’imibonano yo mu mwiherero hagati y’umuhuza n’imirwi yitavye ibiganiro, umuhuza akaba yakira ivyiyumviro bitandukanye kuvyoganirwako mu biganiro bizotunganwa mu nyuma, hamwe n’aho ivyo biganiro vyobera.

Ku kibazo c’abatashoboye kwitaba ivyo biganiro, umuhuza Benjamin William Mkapa yamenyesheje ko azakora ibishoboka vyose kugira abonane nabo, kuko ivyiyumviro vyabo bikenewe.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....