Ibiganiro bitatumiwemwo CNARED vyatanguye i Arusha

0

Ibiganiro bihuza Abarundi vyatanguye kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Arusha muri Tanzania, bikaba bihagarariwe n’umuhuza Benjamin William Mkapa, yahoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzania. Mu gihe muri ivyo biganiro abagize urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi batatumiwe, umuhuza Benjamin William Mkapa ntaco yabivuzeko mu birori vy’ugutanguza ivyo biganiro.

N’aho urwo runani CNARED rutatumiwe kuri iryo zina nk’uko abarugize bari babisavye, imwe mu migambwe ihurikiye muri urwo runani yari yitavye ivyo biganiro ku ruhara rwayo. Muri ivyo biganiro, harimwo intumwa za Reta y’Uburundi zirongowe na Alain Aimé Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Harimwo kandi abakuru b’imigambwe yemewe mu Burundi, abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abaserukira abashengero.

nyami

Mu birori vy’ugutanguza ivyo biganiro, Benjamin William Mkapa yasavye ko ubwicanyi bwohagarara mu Burundi, yongera abwira abari muri ivyo biganiro ko amahoro y’Abarundi ari mu maboko yabo ubwabo, arico gituma bakwiye kwerekana ugushaka kwo kwumvikana.

Benjamin William Mkapa yamenyesheje ko azokwumviriza impande zose zatumiwe muri ivyo biganiro, abazofata ijambo bose abasaba kuzokwerekana umuti w’ibibazo biri mu Burundi aho wova.