Cypro abazaniye urubuga rwiwe(website)

0

Umuririmvyi w’umurundi azwi kw’izina rya Cypro Light agiye gutanguza urubuga rwiwe(website) nkuko yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru cacu ubmnews

Aganira rero n’ikinyamakuru cacu ubmnews,umuririmvyi Cypro Light akaba yamenyesheje ko gutanguza urubuga rwiwe(website) vyari nk’indoto kuri we kuko yama avyifuza cane kubona rero bibaye ngo nikintu ashima cane kandi yizeye ko kizomugirira akamaro kanini cane hamwe n’abaririmvyi bose b’abarundi
cypro
Tumubajije ati:mbega website yawe izokwandika gusa ibikorwa vyawe canke hazokwandikwako n’abandi baririmvyi,cypro akaba yatumenyesheje ati:ico nshaka n’iterambere ku baririmvyi bose b’abarundi kubwivyo rero hazokwandikwako umuririmvyi wese w’umurundi atakumvangura
Tworangiza tubamenyesha ko Cypro light abaye umuririmvyi w’umurundi wa gatatu yuguruje website yiwe nyuma ya Sat-b na Masterland