Ibiganiro bihuza Abarundi vyatumweko CNARED itararonka ubutumire

0

Amakuru atangwa na Macocha Tembele, umwunganirizi w’umuhuza Benjamin William Mkapa, amenyesha ko ibiganiro bihuza Abarundi bizosubira kuba kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika kurya 14 Mukakaro 2016 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Iryo sango rigize kabiri ritanzwe mu ndwi imwe gusa, aho tukabibutsa ko iryari ryatanze ryo kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro 2016 ryari ryabaye ririgizwa inyuma n’ibiro vy’umuhuza.

tembe

Ivyo biganiro bisubiriye kuba mu gihe Reta y’Uburundi n’ubu ikimenyesha ko itazokwemera ibiganiro bizoba birimwo urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Reta y’Uburundi ivuga ko hategerezwa kwubahirizwa ingingo yafashwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribicishije mu nama nkuru y’umutekano y’iryo shirahamwe, mu ngingo za 2248 na 2279 zivuga ko abazoja mu biganiro ari abatafashe inzira y’intambara.

CNARED yagirizwa na Reta ko ihurikiyemwo abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, mbere benshi mu bagize urwo runani bakaba bari ku rutonde rw’abanyeporitike baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, n’imitahe y’ukubahagarika ikaba yarasohotse.

acce

Mu gihe Reta y’Uburundi yemeza ko yamaze kurungikirwa ubutumire bw’ibiganiro bizobera i Arusha kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro 2016, abahurikiye mu runani CNARED bavuga ko batararonswa ubutumire.

Muri urwo runani rw’abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi bamenyesha kandi ko bamaze kumenya ko hari imwe mu migambwe igize urwo runani yamaze gutumirwa, ariko bakibutsa ko bitarekuwe ko iyo migambwe yitaba ibiganiro ku gatwe kayo.

Mw’itangazo CNARED yasohoye, bamenyesheje ko ibiganiro bazokwitaba ari ivyo bazoba batumiwemwo nk’urunani.