Friday, October 7, 2022
HomeNewsBubanza : Abanyeshure 6 bagirizwa gutuka umukuru w'igihugu barekuwe

Bubanza : Abanyeshure 6 bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu barekuwe

Abanyeshure batandatu bagizwe n’abakobwa 4 hamwe n’abahungu babiri bo kw’ishure ryisumbuye rya Bubanza bahawe umwidegemvyo w’agateganyo na sentare ikukira intara ya Bubanza. Abo banyeshure bahora mu munyororo bakurikiranwako icaha c’ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu iri mu bitabu bakoresha mw’ishure.

Bose uko ari batandatu ntibakwiza imyaka y’ugukurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi, bakaba bari bahagaritswe n’igiporisi muri komine Gihanga. Abo bakobwa bane biga kw’ishure rya komine Gihanga, abahungu babiri nabo kw’ishure shingiro rya Ruvumvu.

ntum

N’aho bahawe uwo mwidegemvyo, sentare ya Bubanza yabategetse ko bazotegerezwa kwama bitaba ubutungane iminsi yose ku munsi wa mbere.

Abavyeyi b’abo banyeshure barashimishijwe n’iyo ngingo y’ukubarekura vy’agateganyo, ariko bagasaba ko bokurwako icaha bagirizwa c’ugutuka umukuru w’igihugu, kuko kubw’abo bavyeyi, nta kimenyetso na kimwe cerekana ko abo bana aribo basibanganije iyo sanamu.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....