HCR isaba imfashanyo ya milioni 296 $ ku mpunzi z’Abarundi.

0

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR hamwe n’ayandi mashirahamwe afasha kw’isi ariko arasaba imfashanyo yihuta ku kibazo c’impunzi z’Abarundi zahunze igihugu.

HCR n’ayo mashirahamwe amenyesha ko hakenewe imfashanyo y’amafaranga angana na milioni 296 y’amadolori y’Abanyamerika( ayangana n’amarundi ashika ku miliyariki hafi amajana 600, ni kuvuga nk’ica kabiri c’amahera leta y’Uburundi ikoresha ku mwaka).

Umuvugizi wa HCR, Charlie Yaxley, niwe yabimenyesheje nk’uko biboneka mu makuru ashirwa ahabona ku rubuga rwa HRC.

HCR n’ayanfi mashirahamwe afasha ashika ku 35 akaba ariko asaba ayo mafaranga kugira hitabweho impunzi z’Abarundi zishika ku 345 000 zahungiye mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi nka Tanzania, RD Congo, Rwanda na Uganda.

Mukamenya ko ico gitigiri c’impunzi z’abarundi zishika ku 345 000 HCR ishira ahabona kitemerwa na leta y’I Bujumbura, ahubwo ko HCR ‘iduza ibitigiri vy’impunzi kugira abayikoramwo bironkere ubuzi’,nk’uko Leta y’Uburundi ivuga.

Soma kandi: Magufuli avuga ko igihugu ciwe ‘cokwungukira’ ku mpunzi.

Mukibuka ko umukuru w’igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuli, aheruka kumenyeshea abashikiranganji biwe ko bofatira ku kibazo c’impunzi zihari muri Tanzania kugira ‘biyegeranirize ubutunzi mu kudandaza ibifungurwa nk’ibigori ku mashirahamwe afasha impunzi’.