Umugabo akora ku kibuga c’indege ca Bujumbura yatowe ikiziga

0

Umugabo yahora akora ku kibuga c’indege ca Bujumbura yatowe ikiziga mu gatondo ka kare kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 15 Nzero 2019, nk’igihe c’isaha icenda z’ubucagucagu.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo yagandaguwe n’abantu bataramenyekana azwi kw’izina rya Arsene NDABIHAWENIMANA, akaba yari asanzwe ari umukozi wo ku kibuga c’indege ca Bujumbura (Aéroport international de Bujumbura dans le service aviation).

Nk’uko mu giporisi babandanya babimenyesha, ikiziga ca Arsene NDABIHAWENIMANA catowe muri zone Kinama, karitiye ya Socartie, aho bita kuri AVE Marie.

Arsene NDABIHAWENIMANA yahora aba mu Carama mu gisagara ca Bujumbura, akaba ari naho nyene ikiziga ciwe catowe.

Amakuru igiporisi c’Uburundi cahawe n’umuryango w’uwo yagandaguwe avuga ko Arsene NDABIHAWENIMANA yatashe muhira ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere igihe c’isaha cumi n’imwe avuye ku kazi, ariko ntiyahatevye kuko yaciye ahamagarwa kuri Terefone n’umuntu atamenye yamusavye ko bobonana, nikwo kuja kubonana nawe, akaba atatashe. Ikiziga ciwe cagiye gutorwa mu mutwenzi wo kuri uwu wa kabiri, mu mufurege, bikaboneka ko uwo mugabo yishwe anizwe.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here