NEWS

Magufuli avuga ko igihugu ciwe ‘cokwungukira’ ku mpunzi.

on

Umukuru w’igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuli yasavye abashikranganji bo mu ntwaro yiwe ko ‘bokwungukira cane ku kibazo c’impuzi ziri muri ico gihugu ciwe’.

Magufuli akaba yamenyesheje ayo mukuru mu kuvuga ko abo bashikiranganji boza ‘baragurisha ibifungurwa ku mashirahamwe mpuzamakungu atanga imfashanyo kuri izo mpunzi’.

Tanzania ikaba ifise hafi impunzi 300 000 ziva mu Burundi no muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, na cane cane mu makambi yo mu Buraruko bushira uburengero bwa Tanzania.

Ikinyamakuru Daily Nation kimenyesha ko Magufuli yaranezewe cane no kuba yarasinye amasezerano yo ‘kugurisha’ amatoni 36 000 y’ibigori kuri PAM, ishirahamwe rya ONU riraba ivy’ibifungurwa kw’isi ku mafaranga ashika hafi umuliyaridi w’amarundi.

Igihugu ca Tanzania kikaba gifitaniye imigenderanire mibi n’ibihugu vya Buraya na Amerika kubera kuva Magufuli agiye ku butegetsi bamwagiriza guhonyanaga agateka ka zina muntu.

Ibihugu bimwe bimwe bikaba bimaze kumenyesha ko bigiye guhagarika imfashanyo biha Tanzania.

Magufuli nawe akaboneka nk’uwutera akagere ivyo bihugu vya Buraya na Amerika kubera avyagiriza ko bishaka gushira imigenzo ‘itemewe’ muri Tanzania.

Magufuli akaba yamenysheje ko agiye kwiyegereza cane Ubushinwa kugira ico gihugu kize ‘kirazibira ikinogo’ casizwe nabatanye n’akabando Tanzania.

Magufuli akamenyesha ko imfashanyo y’Ubushinwa itazanana n’ “ibisabwa umuyoro”, bitandukanye n’imfashanyo z’Abanyaburaya na Amerika.

S

Recommended for you