Gitega : Umwe mu bantu bitwaje ibirwanisho yishwe

0

Umuntu umwe mu bitwaje ibirwanisho bari bateye mu bunywero buri mu ntara ya Gitega yishwe n’abaporisi mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu.

Ico gitero c’abantu bitwaje inkoho cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, mu bunywero buri hafi y’isoko y’i Mutaho, mu ntara ya Gitega.

akar

Adolphe HAKIZIMANA, nyene ubwo bunywero yarakomerekejwe n’amasasu, umupfasoni wiwe bari kumwe nawe akaba yakomerekejwe na gerenade yatewe n’abo bantu bitwaje ibirwanisho.

Abaporisi baranyarutse gutabara, bakaba barishe umwe muri abo bantu bari inkoho zo mu bwoko bwa Kalachnikov.