Amwe mu mazu agiye kugurishwa na Reta y’Uburundi, BBC nayo mu butungane

0

Reta y’Uburundi imenyesha ko igiye kugurisha amazu yose yafatiwemwo ibirwanisho mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA yabaye mu mwaka w’2015. Reta y’Uburundi imenyesha ko igiye kwitwarira mu butungane iradiyo n’imboneshakure y’abongereza BBC, aho aka ari inyuma y’aho imboneshakure ya BBC yerekanye ireresi ivuga inzu yakoremwo ubwicanyi muri zone Kinindo, komine Mukaza, igisagara ca Bujumbura.

Iyo ngingo y’ukudandaza amazu yose yoba amaze gufatirwamwo ibirwanisho yashikirijwe kuri uwu wa kane na Aimé Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane bw’Uburundi, aho akaba ari mu gihe yari yagendeye inzu iri muri zone Kinindo, ibarabara ryitiriwe Ntwarante inomero 76, ahafatiwe ibirwanisho vyinshi mu mwaka w’2015.

Umushikiranganji KANYANA avuga ko amafaranga azova mw’igurishwa ry’ayo mazu azofashishwa abakozweko n’ingaruka z’ivyo birwanisho.

Aimé Laurentine KANYANA agira ati : “Mbega ahafatiwe ibirwanisho vyishe abanyagihugu, ni ugufata izo nzu zose zikagurishwa, amafaranga avuyemwo akaba inshumbusho y’abahitanwe n’ivyo birwanisho.”

Umushikiranganji w’ubutungane bw’Uburundi abandanya agira ati : “BBC iyo nkuru bobanza bakayikurako aho bayicishije hose, bakavuga ko babeshe. Hanyuma iyo umuntu yabeshewe asaba gushumbushwa, bigasabwa kandi ko uwo yabikoze abihanirwa. Tuzokwitwara rwose cane , umuntu abeshewe, ategerezwa gusubizwako agashambara bamukuyeko.”

Iyo nzu iri muri zone Kinindo, ibarabara ryitiriwe Ntwarante inomero 76, ahafatiwe ibirwanisho vyinshi mu mwaka w’2015 yagendewe na Aimé Laurentine KANYANA ari kumwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, inyuma y’aho ireresi ya radiyo na Terevisiyo ya BBC yerekanye ko iyo nzu ikorerwamwo ubwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi bukorwa n’abakozi b’iperereza ry’Uburundi, ivyo umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yiyamirije, avuga ko ari ibinyoma.