Jupiter Design na Buja Multi Event baratumira abantu muri Summer Fashion kuri uyu wa gatanu

0

Jupiter Design ifadikanije na Buja Multi Event yaduteguriye summer Fashion kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 5/8/2016 mw’ihoteri star nkuko amakuru dukesha umwigeme Viviane Niyizire abivuga
summer fashion
Mu kiganiro uyo mwigeme asanzwe arongoye Jupiter Design yashoboye guha ikinyamakuru cacu ubmnews akaba yaratumenyesheje ko isango ari kuri uyu wa gatanu kandi ko bazoshobora kwerekana ibintu vyiza kandi bantu bazokunda cane,Tumubajije ivyo bintu abantu bazokunda,viviane akaba yatubwiye ati:ico tuzokwerekana n’impuzu z’ibitenge muga zishonye ukuntu gutangaje bitandukanye nivyo abantu bari bamenyereye

Mu kurangiza Viviane akaba yateye akamo umuntu wese ashaka iterambere mu gihugu c’uburundi ko yoza kubafata mu mugongo kuri uyu wa gatanu