Germain Rukuki Yaciriwe Gufungwa Imyaka 32.

0

Sentare y’Uburundi yaciriye umunyororo wo gufungwa imyaka 32 umushingantahe Germain Rukuki, yari asanzwe afungiwe mu Burundi kuva itariki 13 Mukakaro 2017, akaba yari yafunzwe yagirizwa icaha kiremereye co “guhungabanya umutekano”.

soma kandi: Abahinga Ba ONU Basaba Leta y’Uburundi Kurekura Germain Rukuki.

Ishirahamwe rijejwe kuburanaira agateka ka zina muntu kw’isi, FIDH, rimenyesha ko ico gihano ari ica mbere kinini gihanishijwe uwuharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.

FIDH ikamenyesha ko abategetsi b’Uburundi batanguye gukoresha iterabwoba hasigaye imisi mike ngo habe amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro.

Umushingantahe Germain Rukuki yahora ari umukuru w’ishirahamwe ry’abanyagihugu NJABUTSA TUJANE mu kugwanya ubukene na kigoyi hamwe no kubungabunga amagara y’abanyagihugu. Akaba kandi yari asanzwe ari mu bagize abacamanza b’abagatolika b’I Burundi( AJCB).