NEWS

Abahinga Ba ONU Basaba Leta y’Uburundi Kurekura Germain Rukuki.

on

Mw’itangazo ry’umugwi w’abahinga ba ONU ryasohowe itariki 25 Myandagaro 2017, abo bahinga ba ONU barasaba Abategetsi ba leta y’Uburundi kurekura uwusanzwe aburanira agateka ka zina muntu Germain Rukuki, asanzwe afungiwe mu Burundi kuva itariki 13 Mukakaro 2017, akaba afunzwe yagirizwa icaha kiremereye co “guhungabanya umutekano”.

Umushingantahe Germain Rukuki ni umukuru w’ishirahamwe ry’abanyagihugu NJABUTSA TUJANE mu kugwanya ubukene na kigoyi hamwe no kubungabunga amagara y’abanyagihugu. Akaba kandi asanzwe ari mu bagize abacamanza b’abagatolika b’I Burundi( AJCB).

Germain Rukuki akaba yatanguye gufungirwa mu biro vy’igendereza hama atwarwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, mu buraruko bw’Uburundi, akaba ari na ho agifungiwe gushika n’ubu.

Umugwi w’abahinga bajejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu muri ONU wasohoye itangazo ku rubuga ngurukana bumenyi bugira buti: “Turarajwe ishinga n’ipfungwa rya Germain Rukuki, iriboneka ko ari iry’akarenganyo, ibigaragara ko ahorwa kuba ari mu baharanira agateka ka zina muntu”.

Abo bahinga ba ONU barababazwa n’ingingo yafashwe na Sentare Ntahinyuzwa ya Commune ntahangwa yo kugumiza mu gasho Germain Rukuki hatabanje kugaragara “ibimenyetso bifashe vy’ivyo yagirizwa”, nkuko biboneka mu ngingo ya 110 y’Itegeko mpanavyaha.

Abo bahinga ba ONU babandanya basaba bati: “Turasaba abategetsi ba Leta y’Uburudi kurekura Germain Rukuki, kwubahiriza agateka kiwe, hama ivyo yagirizwa bigakorwa mu buryo buri mu butungane”.
Germain Rukuki akaba yagirizwa “gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu” hamwe “ no kugira ikiroberi”. Vyose biri uko mu gihe abavuga ko baharanira agateka ka zina muntyu mu Burundi batorohewe.

Recommended for you