Pierre Claver Mbonimpa: “Ndazi abashatse kungadagura…”

0

Imyaka 3 Iraheze hatanguye intureka Mu Burundi: Pierre Claver Mbonimpa asaba ko Ubutungane bukora.Ku wa 25 Ndamukiza 2015, niho umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yatangaza ko yokwitoje mu kindi kiringo ngo atware Uburundi.Ariko bamwe bamwe ntibanezerejwe n’iyo ngingo, niko guca hatangura imyiyerekano yatanguye ku wa 26 Ndamukiza 2015 yashikanye no kukugerageza gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015.

Umwe mubo izo ntureka zahatswe guhitana ni Pierre Claver Mbonimpa, ayoboye Ishirahamwe riharanira agateka k’abafunzwe APRODH, yarashwe inyuma yizo ntureka ariko ararusimba. Mu kiganiro yagiranye n’iradiyo y’Abadagi DW News, Pierre Claver Mbonimpa asaba ko ubutungane nyakuri bwokora.

Muri ico kiyago Pierre Claver Mbonimpa, benshi batazira Mutama, yashikirije, abona ko mwiyi myaka itatu ata kirahinduka kuva 2015.Avuga ati: ” Ukunyuruza abantu, ukugandagura abantu kurabandanya.Muravye ivyegeranyo dusohora, muzobona ko abantu benshi bishwe, bafunzwe…”

Mbonimpa kandi yaragarutse ku bashatse kumugandagura.”Ndazi abashatse kugerageza kungandagura.Uwagerageje kungandagura yarishwe.Ni umuntu yakora mw’iperereza.Yishwe haheze amezi atatu inyuma yo kugerageza kunyica kubera yananiwe na misiyo yahawe…Umuhungu wiwe kandi yarishwe…ndazi abashatse gukora ubwo bwicanyi…nico gituma nshaka kubashengeza mu butungane”.

Ku bibaza ko abatavuga rumwe na Leta bananiwe no gushika ku ntumbero yabo, Pierre Claver Mbonimpa amenyesha ko atarivyo.Avuga ati: “Pierre Nkurunziza arazi ko ari ku butegetsi.Kandi kubera amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa shingiro, amaze ikiringo kingana iki atwara?Haheze imyaka ari umubabaro mwinshi mu gihugu, ariko nta kunanirwa kurahaba[mu batavuga rumwe].