Al-Shabab Yakoze Igitero Ku Basoda b’Abarundi Muri Somaliya ku wa 24 Ndamukiza 2018.

0

Mu gitero caranzwemwo ibikoho bikomakomeye ca Al-Shabab umurwi w’iterabwoba muri Somaliya ku musi wa kabiri itariki 24 Ndamukiza 2018, waragavye ico gitero ku murwi w’abasirikare b’Abarundi bari muri AMISOM bagiye gucungera amahoro muri Somaliya, nk’uko ikinyamakuri c’aho muri Somaliya, Shabelle Media Network( SMN) kibimenyesha.

Ico gitero kikaba cagabwe ku kirindiro c’abasoda ba AMISOM cegereye akarere ka Elasha Biyaha mu micungararo ya Mogadishu, umugwa mukuru wa Somaliya. Abanyagihugu bayaze na Shabelle Network Media bamenyesheje ko abarwanyi ba Al-Shabab bagavye igitero ku barwanyi b’Abarundi bari ku kirindiro ca Arba’ow impande ya Elasha Biyaha. “Humvikanye ibikoho bikomakomeye n’amagrenades“, niko abo banyagihugu babwiye SMN.

SMN ikamenyesha ko ata makuru y’abakomeretse canke bahasize ubuzima mwico gitero yaciye amenyekana ku wa 24 Ndamukiza 2018, ariko ko Al-Shabab yemanze ico gitero mu kuvuga ko ‘yasasitse inganda mu ngabo za AMISOM’.

Ingabo za AMISOM zikaba zari zimaze gushikana abo barwanyi ba Al-Shabab kure cane ya Mogadishu ugereranije no mu myaka yahera. Ariko ubu ibitero bikaza birakorwa rimwe na rimwe ku ngabo za AMISOM.