Kent-P mu rugendo yerekeza Urwanda,Ubuganda na Kenya

0

Umuhinyanyuzi w’umurundi Nzeyimana Ismail abenshi bazi kw’izina rya Kent p yafashe urugendo kuri uno munsi yerekeza mu gihugu c’urwanda aho azoca afata urundi rugendo aja mu gihugu c’ubuganda akazova mu buganda yerekeza mu gihugu ca kenya
kent

Imbere yuko afata urugendo twashoboye kumwegera turamubaza ikimutwaye muri ivyo bihugu akaba yatwishuye ati:
Ngiye mu rwanda guhitana umuririmvyi sat-b n’umugwi urban boys kugira tujane mu gihugu c’ubuganda aho tuzoba tugiye mu giteramo tukazoca dukora amasanamu y’indirimbo african girl ya sat-b,nkazoca mva mu buganda nerekeza mu gihugu ca kenya aho nzoba ngiye gukora amasanamu y’indirimbo ya Jean Pierre Nimbona abenshi bazi kw’izina rya Kidum
kentura

Tworangiza tubamenyesha ko Kent P yafashe urugendo mu gatondo ko kuruyu wa mbere