Gen Godefroid Niyombare niwe arongoye ” FOREBU ” umurwi wafashe ibirwanisho kugira urwanye Petero Nkurunziza

0

Gen Godefroid Niyombare umwe mubashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza ariko bikamuta kuwamazi, ubu bimaze kumenyekana ko ariwe arongoye umurwi ” FOREBU wiyemeje gufata ibirwanisho kugira ukure Petero Nkurunziza kubutegetsi.

niyombare

Uno murwi FOREBU(force Republicaine du Burundi) wasohoye itangazo kuruyu wa kane itariki 21 nzero 2016 aho cane cane wavuga muri rusangi abagize ugwo gwego nabasanzwe barukuriye muri rusangi, ikindi naco nuko bahamagarira abari munzego zumutekano kuvavanura na Nkurunziza kuko ngo bibuke aho bari ko bahashizwe namasezerano ya Arusha.