FNL – Pasteur Habimana amenyesha ko ibizova mu biganiro bitabaraba

0

Pasteur HABIMANA Umukuru w’umugambwe FNL iragi rya Gahutu Remy amenyesha ko batatumiwe mu biganiro biriko bibera mu Gihugu kibanyi c’Ubuganda kandi ko ngo ibizovamwo bitazo biberekeye n’agato.

habimana

Mu kiganiro yahaye iradiyo nkuru y’igihugu, yavuze ko umugambwe arongoye ariwo FNL iragi rya Gahutu Remy ufise abanywanyi benshi cane barenga gato umuriyoni rero ko kutabatumira mu biganiro bihuza abarundi biriko bibera mu bugande ari ukwihenda.

We arangiza amenyesha y’uko hamwe bokwikubita agashi bakabatumako ngo ntakibuza bokwtaba kuko boba bagiye kurondera ineza y’umunyagihugu wese, ngo kuko kubona umwene gihugu asigaye abayeho adafise ikimukingira ari akamaramaza ku mutemere.

Tworangiza tubamenyesha y’uko Pasteur HABIMANA yahoze ari mu bantu bahafi bagendanaga na Agathon RWASA arongoye urunani rw’abigenga “Amizero y’Abarundi” mu nyuma bakaba baje gutandukana, Pasteur HABIMANA aca aja mu mugambwe wa FNL iragi rya Gahutu Remy gushika n’ubu.